Abahindi ba Pima muri Arizona bavuga ko se w'abantu bose n'ibikoko yari ikinyugunyugu, Cherwit Make (umuremyi w'isi), cavuye mu bicu kije guhagarara ko Bitandara vy'Ubururu [...] kandi caremye abantu gikoreresheje icuya caco. Uko abantu barwira, bakura bikunda kandi bacanamwo hagati yabo, rero Cherwit Make yarababajwe n'ivyo yari yaremye, aca afata ko bohitanwa bose n'umwuzure [...]
Hariho Hauk, ikidayimoni co mu misozi ciba abakobwa akica abahungu [...] Yarabakurikiye mu gacerere gushika mu misozi y'amangetengete. Yasizemwo uburozi mu mu vinyu umukobwa wiwe yagomba amuzimane, hanyuma, yamaze kuyinywa, Suha yaciye ava mu kibanza c'aho yari yinyegeje aca aramukubita gushika amene ubwonko bw'iyo dayimoni kubera iyo nzoga. [...]
Abantu ba Pima barizera cane ko iyo sezerano ry'ubuhanuzi ku buryo batinya kujabuka imisozi y'amangetengete, kubra ko ariyo Cherwit Make yicaye mu kurindira ko ububi bwabo bushika ku rugero rwo hejuru kugira ngo ace ace arekura amazi menshi ari inyuma y'iyo misozi, agaca ateza umwuzure kw'isi.