Abahindi ba Pima baturuka muri Arizona bavuga ko se wa bantu bose n'ibikoko yari ikinyugunyugu, Cherwit Make (yaremye isi), yatambagije ava mu bicu aja mu Manga z'Ubururu[…] maze mu ntuguta yiwe niho yaremye abantu. Uko abantu bagwira, bakomeje kwikunda no gushwana, kubw'ivyo Cherwit Make azinukwa igikorwa c'intoke ziwe niko guhitamwo ko bose batwagwa n'umwuzure.[…]
Hariho icitwa Hauk, igisizimwe co mu misozi, ciba abakobwa babo hama kikica abahungu babo. […] Amukurikira anumye muri ya Misozi y'Ubupfumu; ashira ishano mu wa muvinyu w'igihane umukobwa wiwe yari yamuzaniye; hanyuma, igihe yaramaze kuwunywa, Suha asohoka aho yari yinyegeje maze aha igiti ageseza ca gisizimwe caborewe. […]
Nuko rero aba Pima bizera ubwo butumwa bw'ubuvugishwa kandi ko batohirahira ngo barengane iyo misozi yapfumuweko, kuko aho ariho hari Cherwit Make — arindiriye ko ububi bwabo bugwira cane kugira maze arekurire kw'isi ikiyaga cari kigobewe inyuma y'imisozi.