Abapima bo muri Arizona bavuga ko se w’abantu bose n’ibikoko vyose yari ikinyugunyugu citwa Cherwit Make (Umuremyi w’isi), caturutse mu bicu kireremba, kimanuka gushika ku Bitandara vy’Ubururu […], hanyuma gikoresheje icuya caco bwite, kirema abantu. Uko abantu bagenda baragwira, ni ko barushiriza kugira ubwikunzi no gutongana. Ni co gituma Cherwit Make yanka ivyo yari yaremye, maze afata ingingo yo kubarengera bose mu mazi ngo bapfe. […]
Hariho umugabo yitwa Hauk, idayimoni ryaba mu misozi, ryiba abakobwa ryongera rikica abahungu. […] Suha yaramukurikiriye mu mpisho, aja mu Misosi ya Superstition; ashiramwo ikintu gituma umuntu atakaza ubwenge mu muvinyu wakozwe mu gihingwa ca cactus, umukobwa wiwe yari kumushikiriza. Hanyuma, amaze kuwunywa, Suha yarasohotse aho yari yinyegeje, akubita uwo mudayimoni yari yasinziriye mu mutwe, aramwica. […]
Abapima barizigira cane ubwo buhanuzi ku buryo batemera kujabuka Imisozi ya Superstition, kuko ari ho Cherwit Make yicaye, arindiriye ko ububisha bwabo bugera ku rugero rwo hejuru, kugira ngo arekure amazi menshi cane agasendera kw’isi, ayo mazi akaba azoba yazibiwe inyuma y’iyo misozi.